» IHINDURWA » RY’IVYAGEZWE
« Isumba vyose azoyivugako amajambo y’agatituro, kandi azocobogoza abera b’Isumba vyose. Azoja imigabo yo guhindura ibihe n’ivyagezwe ; kandi bazorekerwa mu maboko yiwe kugeza aho igihe n’ibihe n’igice c’igihe bizoshirira. » (Daniel 7:25).
» Agahembe gato » kabineka muri Daniel 7 kihaye guhundura ivyagezwe mu maso y’abantu mu gukuraho, guhindura no kugabagura amabwirizwa nk’uko kigombeye. Inyuma y’igihe c’agahamo kamaze imyaka 1260, haribonekeje ugushira akatuzo ku kwiga Bibiliya. Inyuma y’aho Yesu ataziye mu 1844, icigwa kijanye n’amategeko caritaweho mu buryo bwimbitse. Kuva ico gihe, amabwirizwa 10 yarakwiye mu bakristo.
Kubwo kuronka Kristo, abizera bose bahawe ububasha bwo kudatsindwa n’urubanza (Abaroma 8:1). Ni twiga amajambo ya Paulo yavuze imbere y’uwo murongo, dushobora kuronka ivyizigiro n’isezerano rifatiye kuri ayo majambo (Rom 7:15-25). Imibiri twikoreye idukwegera ahantu habi, ari nayo Paulo yidogera( Roma 7:24). Ingorane zose tuzozikizwa no kuba muri Kristo Yesu.
Ikibazo ngaha ni ico kumenya nimba ivyagezwe ari icaha(Roma 7:7). Paulo aratubwira intambara abizera barwana n’amategeko: ugushaka gukora icaha, biraza bikagongana no gushaka kwubahiriza ivyagezwe. Ivyagezwe bitwereka icaha, ariko ntibishobora kudukiza(Rom 7:10,24). Vyongeye kandi ivyagezwe si ingorane, kubera » ivyagezwe ni ivyera, biragororotse, ni vyiza. »(rom 7:12). Mu kwiyambura ingaruka z’icaha, Yesu ni we nyishu(Rom 7:12; 8:1).
Bisunze isomo riboneka mu Vyakozwe 20:7, abizera bamwe bavuga ko Isabato yakuweho. Baca bakorana dimanche kugira baninahaze ukuzuka kwa Yesu, bisunze amakoraniro yaba dimanche abineka mw’Isezerano rya Kera. Mbega ayo makoraniro yafasha iki?
1. Yesu yabonekeye abigishwa dimanche kare kare ashaka gukomeza ukwizera kwa Thoma( Yoh 20:19,26)
2. Kubera ko Paulo yagomba kugenda mu kindi gisagara ku musi wa kurikira, Paulo yahavuye ahamagaza ikoraniro dimanche(Ivyak 20:7)
3. Ishikanwa ryagomba gushirwa iruhande mu mazu, atari mu gihe c’amakoraniro( 1Kori 16:2)
Bakoranye ku musi w’Isabato, abizera basavye Paulo n’abo barikumwe ko amajambo avuzwe yozosubirwamwo kw’Isabato ikurikira( Ivyak 13:42,44). Isezerano rishasha riratwereka ibijanye n’Isabato: 1. Yesu ni Umwami w’Isabato( Marik 2:28), 2. Yesu yarafise akamenyero ko kuja mw’isinagogi kw’Isabato(Luka 4:16), 3. Paulo yaramenyereye kuja mw’isinagogi kw’Isabato( Ivyak 13:14), 4. Ahatari isinagogi, bahurira mu gisagara kw’Isabato( Ivyak 16:13), 5. Abapagani bamusavye kubana nabo ukwabo, Paulo yabikora kw’Isabato( Ivyak 13:42-44).
Ntitwibagire ko imbere y’ uko uwo musi witwa Dimanche ku bakristo witwa: UMUSI W’ IMANA. Ni mwisomere muri: Revelation 1: 10. Aho niho hari umushinge!
J’aimeAimé par 1 personne