Ibiziga vy’abantu batatu batamenyekanye, nivyo vyatowe mw’ishamba cimeza rya Kibira, riri muri zone Butahana, intara ya Cibitoke. Amakuru ava aho mu Cibitoke, amenyesha ko ivyo biziga vyari bimaze kwononekara.
Ivyo biziga vyabonywe mu gatondo ko kur’uyu wa kane igenekerezo rya 24 Rusama 2018, n’abasanzwe bakora akazi ko gucungera ishamba cimeza rya Kibira, ku mutumba Kabande.
Ayo makuru ava aho mu Cibitoke, amenyesha ko abo bantu batatu babonetse baboshwe, bikibazwa ko boba biciwe ahandi, ibiziga bikaza gutabwa muri iryo shamba.
Abajejwe intwaro muri ako karere ntaco bashimye kubivugako.