Sentare Nkuru y’Igihugu y’intara ya Mwaro, yaciriye mu rubanza rw’ikibiriraho, umunyororo w’impaga w’imyaka 20 umugabo yagirizwa kwica se wiwe.
Uwo yishwe azwi kw’izina rya NDIKURIYO Elie yaba ku mutumba Rucunda, komine Rusaka, intara ya Mwaro, akaba yishwe n’umuhungu wiwe azwi kw’izina rya NDIKURIYO Richard.
Amakuru dukesha umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano, Pierre NKURIKIYE, amenyesha ko NDIKURIYO Richard yishe umuvyeyi wiwe akoresheje agafuni, kubera indyane z’amatongo.
Umuvugizi wa sentare ntahinyuzwa ,Agnes BANGIRICENGE, amenyesha ko NDIKURIYO Richard, yahanishijwe ico gihano hisunzwe ingingo ya 214 y’igitabo mpanavyaha.