Igiporisi kijejwe imbibe ,ibirere n’ingezi kimenyesha ko, ku magenekerezo ya 24,25 na 28 Rusama ibikorwa vyo gutanga impapuro z’inzira “passports” bizohagara kubera igikorwa co kwugurura itangwa z’impapuro z’inzira zigiye gukoreshwa mu bihugu bigize umuryango wa Afirika y’Ubuseruko.
Mw’itangazo ryasohowe n’umukuru w’igiporisi kijejwe imbibe,ibirere n’ingezi OPC 1,Jimmy HATUNGIMANA, rimenyesha ko ibirori vyo kwugurura ico gikorwa bizoba kw’igenekerezo rya 29 Rusama 2018.
Bitegekanijwe ko ibikorwa vyo gutanga impapuro z’inzira bizosubira gukorwa kw’igenekerezo rya 29 Rusama 2018 mu masaha y’inyuma y’umutaga.