Ubufaransa buvuga ko ibwirizwa nshingiro rishasha ritazofasha gutorera inyishu ikibazo c’Uburundi

Igihugu c’Ubufaransa kimenyesha ko ivyahinyanyuwe mw’ibwirizwa nshingiro ry’Uburundi biciye kubiri n’amasezerano ya Arusha. Ubufaransa buvuga ko ibwirizwa nshingiro rishasha ataco rizoterera mu gutorera inyishu ikibazo kiri mu Burundi, kuva mu mwaka wa 2015.

Mw’itangazo igihugu c’Ubufaransa cashize ahabona, kimenyesha ko, cumvise ivyavuye mu matora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro yatunganijwe kw’igenekerezo rya 17 Rusama 2018.

Igihugu c’Ubufaransa kimenyesha ko, nimba amatora yabaye mu mutekano, imyiyamamazo yoyo yabaye mu gihe hari iterabwoba n’ihohoterwa ry’abadashigikiye ko ibwirizwa nshingiro rihinduka.

Muri iryo tangazo, igihugu c’Ubufaransa kimenyesha ko icoshirwa imbere ari ibiganiro ataco bisaba kandi atawe bikumira, vyofasha abarundi bose mu mirwi bavamwo gushira ahabona ivyiyumviro vyabo.

Igihugu c’Ubufaransa kimenyesha ko, abarundi bazoshobora kuja hamwe, mu gihe Reta izoreka abatavuga rumwe nayo, abadaharanira ivyicaro vya poritike bagakora ata ntambamyi.