Umugambwe CNDD-FDD usaba abarundi kugendera mu bwitonzi no gusoneranira mu butandukane bw’ivyiyumviro. Uwo mugambwe usaba ko abarundi batokwikekana canke bagenzanye kuko umwe yatoya Ego canke Oya, mu matora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro.
Ubicishije ku munyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD ku rwego rw’igihugu, Evariste NDAYISHIMIYE, umugambwe CNDD-FDD uragabisha
Uworota aryanisha abangumyabanga yitwaje ubwoko, igikenye, igihagararo n’ibindi.
Umugambwe CNDD-FDD, uriyamiriza kandi poritike z’ibinyoma, z’ibihuha, zo kuryanisha abonse rimwe, hamwe na poritike zishingiye ku ntara, ku moko no kuri mpinga yanje.
Umugambwe CNDD-FDD urashimira abateguye amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro, n’abo bose bagize uruhara kugirango agende neza.