Yesu ashimwe cane. Shalom!
YAKOBO1:26-27 Umuntu niyigira ngo n’umunyedini,ntafate ururimi,arikw’agahenda umutima wiwe, idini y’uyo izoba ar’iy’ubusa. Idini itunganye itagira agasembwa imbere y’Imana Data wa twese, n’ukuraba impfuvyi n’abapfakazi mu marushwa yabo, no kwirinda ngo ntimwanduzwe n’ivy’isi.
Unomusi abantu baraja mu mpari ngo ni twebwe Imana yemera, nashaka nkubwire ko uwuja mw’ijuru ari umwe, uwu wenyene yogejwe n’amaraso ya Kristo,akama yirindira munzira ziwe kugira ngo ntiyiyanduze, abandi bose barihenda.
Ijuru ntirizokubaza ngo wasengera he?Ariko rizokubaza ati waritondeye ijambo ryanje?
kuko twahawe mpwemu umwe,tukaba twacunguwe na Kristo umwe,kandi tukaba dufise Data wa twese ahoraho Umwe, ni kuberiki tudakwiye gufatana munda mugukorera iyo Mana imwe rudende,kandi dukeneye ijuru rimwe.
uwundi muntu niwe yabwiye umwansi wiwe ngo wewe ndagusanze mw’ijuru noca ndarivamwo. Yabitewe nukutamenya,Imana imubabarire kandi noneho ntabankana bazoja mw’ijuru uretse ko tugifise uwundi mwanya wokwisubirako tukihana tukiri mw’isi y’abazima.
Wewe ncuti yanje,nagomba nkubwire ko icambere Imana igukeneyeko ar’umutima wawe,niwihane,wiyeze,witunganye uko bwije,uko bukeye, hama Uhoraho akurongore muri vyose na hose. Niwaba urongorwa na mpwemu Yera ibitameze neza azobikwereka kandi usenze azogufasha kubihindura.
ijambo ry’Imana ridusavye gukora ivyiza, kuko ibikorwa nivyo tuzohemberwa,kandi ntiduhamagarirwa kugirira neza abo tuzi gusa,uwukwiye ineza wese uyimugirire utaravye nkuzi, ntabwo uzohemberwa ikibanza warurimwo murusengero (position) .Yesu yarakunda gutunga urutoke abafarisayo n’abanyabwenge b’ivyanditswe kuko bo bishimira ivyicaro vyabo vy’imbere hamwe n’icubahiro. Ikibanza washizwemwo ntikigusamaze ngo kikubuze kugororoka, kuko kitaguteye kwezwa cogutera gusubira inyuma akayombekere.
DUSENGE: Uhoraho rukundo rwacu turagushimiye, ko turi impore,duharire ivyaha vyacu,dutunganye kandi utwigishe kwitondera ivyo wihanikirije,ni mw’izina rya Yesu Kristo twizeye, Amen.