Urunani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi rwashikanye ibirego ku bijanye n’amatora yo kwemeza canke guhaka ibwirizwa nshingiro, yabaye kuwa gatanu igenekerezo rya 17 Rusama 2018, muri sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa nshingiro.
Umushingamateka Pierre-Célestin NDIKUMANA arongoye umurwi w’abashingamateka batowe mu Runani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi, aherekejwe n’abandi bashingamateka batowe muri urwo runani, nibo bajanye ivyo birego, inyuma y’umutaga wo kur’uno wa kane igenekerezo rya 24 Rusama 2018.
Ahejeje gutanga ibirego, Umushingamateka Pierre-Célestin NDIKUMANA yamenyesheje ko yisunze ko ibirego batanze bifise ishingiro, ku bijanye n’ibitagenze neza mu matora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro, yizeye ko bazotunganirizwa.
Ico gikorwa, gikurikiye amatangazo abiri yashikirijwe rimwe n’umukuru w’Urunani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi, umushingamateka Agathon RWASA, hamwe n’irindi ryashikirijwe n’abashingamateka batowe mu Runani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi bamenyesha ko amatora yabayemwo utunenge dukomeye.
Mw’itangazo yashikirije, umukuru w’ Urunani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi, umushingamateka Agathon RWASA, yamenyesheje ko Urunani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi rutazokwemera ibiharuro b’ishobora gushikirizwa ko vyavuye mu matora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro.
Urwo Runani rwasavye umurwi CENI gukora ataho uhengamiye, ugire kandi impfagusa ibiharuro vyavuye mu matora, mu gutunganya bushasha amatora yisunze itegeko rigenga amatora mu Burundi.
Kuwa mbere igenekerezo rya 21 Rusama 2018, umurwi utegura amatora ku rwego rw’igihugu CENI, wamenyesheje ko ibiharuro mfatakibanza vyerekana ko Ego yatsinze ku majwi 73,26 kw’ijana, mu gihe Oya yaronse amajwi 19,34 kw’ijana