Robert Mugabe,yahoze arongoye igihugu ca Zimbabwe yanse kwitaba Inama Nshingamateka yamuhamagaye, kugira asigure ibijanye n’igteko Ishinga Amategeko, yamuhamagaje kugira asigure ibijanye n’igiturire kivugwa mw’icukurwa ry’ubutare bwa Diamant, cahombeje igihugu imiriyaridi 15 z’amadorare y’abanyamerika.
Robert MUGABE yari yatumweko kur’uyu wa gatatu igenekerezo rya 23 Rusama 2018, n’umurwi w’Inama Nshingamateka wiga ibibazo vy’ubutare n’amasoko ntanganguvu, ariko ntiyitaba.
Umukuru w’uwo murwi, Temba Mliswa, yamenyesheje ko Mugabe atigeze yitaba, kugira yisigure, ariko ko uwo murwi nyene waciye umwandikira, umutumako mu ntango z’indwi iza.
Uwo yahoze arongoye igihugu ca Zimbabwe ntabaye uwa mbere atumweko, kuko uwo murwi war’umaze gutumako abahoze ariIyi komisiyo yamaze guhata ibibazo abahoze ari aba minisitiri, abayobabashikiranganji, abaporisi hamwe n’abari barongoye ibigo vya Reta, kugira babaze ku bijanye n’igiturire.