Abantu bashika 50 baguye mu mpanuka y’ubwato muri Kongo

Abantu bashika mirongo itanu basomye nturi muri Republika Iharanira Demokrasi ya Kongo igihe ubwato barimwo mu rugendo bwarohama.

Icegera ca buramatari w’intara ya Tshuapa, mu buraruko bw’igihugu, yavuze ko icateje iyo mpanuka kitaramenyekana.

Yavuze ko abantu mirongo itanu barusimvye igihe ubwo bwato bwubama, buri mu rugendo hagati ya Monkoto na Mbandaka.

Ingendo zo mu nzuzi zirakorwa cane muri Kongo kubera ubukene n’ububi bw’amabarabara, ariko kenshi usanga ubwato bupakirwa vy’ikirenga bigateza amasanganya menshi.

Mu kwezi guheze abantu barenga mirongo ine basomye nturi igihe bariko baragerageza kuja muri Kongo Brazzaville.