“ Ni co gituma tuvuga dushize ubwoba, tut’Uhoraho n’umutabazi wanje, sinzotinya: Non’umuntu yoshobora kungira iki? “

Yesu ashimwe cane? SHALOM!

ABAHEBURAYO13:5-6 Gukunda amahera ntikube mungeso zanyu;ivyo mufise bibabumbe; kuk’ubwayo yavuze ,iti nta ho nzoguhemukira,nta ho nzoguta. Ni co gituma tuvuga dushize ubwoba,tut’Uhoraho n’umutabazi wanje,sinzotinya: Non’umuntu yoshobora kungira iki?

Ijambo ry’Imana ryongeye kuturemesha,ritwibukije ko ataco umuntu yotugira kuko Uhoraho ariwe aturwanirira akaba azi n’ibidukwiye.

Gukunda amahera ntibibe mungeso zanyu.bisigura ngo niwayakunda cane uzosanga wayagize ikigirwamana nkuko bamwe vyamaze kubagendera, hariho bamwe batagifise umwanya wogusenga kubera amahera,akazi,ukubona ko atayindi mitwaro agifise ajana imbere y’Imana,… Umushikiriye ukamubaza akubwira ko Imana itari murusengero honyene,ngo iramwumva aho ari hose. Uwo aba ariko agenda akayombekere,kuko vyerekana ko nuwo mwanya avuga womuhira atawo aronka. Pfukama umusengere.

Wirinde munzira zawe, wirinde icaha ic’ari co cose kuko ako wita gato gashobora kukuviramwo kinini cane. Yuda yabanye na Yesu afise icaha c’ubusuma,kumbure kuri we yibaza ko ataco bitwaye kuko yari yacibikiye, ariko camuviriyemwo icaha co kwica,kugura amaraso ya Shebuja ariwe Kristo Yesu. Yari yibaza ati: » aya mahera ndayarya kandi Yesu Kristo ntibazomushobora ». Amaze kubona bamutsindishije,yahisemwo kwiyahura ubwiwe kuko aguze amaraso y’umugororotsi. Kandi niwe yapfuye imbere ya Yesu.

Nawe mwenedata aho ntacaha woba warisigarije ngo aka nigato ntaco bitwaye? Munyeshure,warakiranutse kukwiba mw’ikaye no kurabira kubandi? Muvugabutumwa,muririmvyi,musenzi warakiranutse kuri vyose? Mukozi wa Reta nawe ukora mumashirahamwe yigenga warakiranutse kugiturire no kunyuruza ibitari ivyawe?

Iyo uri umuntu usenga ugafatirwa mucaha kanaka, uba utukishije igikorwa c’Imana n’abakozi b’Imana,kuko bibonekana ko umengo ivyo bigisha abandi sivyo bagenderamwo ubwabo.

Ndangije nibira ibanga umuntu akorora inda. Uri umwicanyi wambere kandi uteranye ubwoba, abantu bakwiye kuguca kure. Mbega wubahutse kwica umwana ari munda yawe, abandi bo wumva utobagira akaravyo! Umwana wawe utamugiriye akagongwe,akaba ari wewe umwiyicira,erega uri igikenya imbere y’Imana nufukame wihane. Ntiwitwaze ngo mugihu iwacu Leta irabiturekurira,canke ahomba turabirekuriwe. Nusabe imbabazi kuko uracafise ayandi mahirwe yokwihana,ariko ntuzobe ugisubira.

Dusenge: Mana rugira vyose turagushimiye kubw’impanuro uduhaye,dushoboze guhinduka rwose duse nawewe.ivyaha vyacu bitwikirwe,uduhe imbaraga murugendo ni mw’izina rya Yesu twizeye, Amen.