
Paris mu Bufaransa habaye imyiyerekano y’abatavuga rumwe na Prezida w’u Rwanda Paul Kagame, babona ko atari akwiye gutumirwa mu Bufaransa.
Abitavye iyo myiyerekano bari bafise ibibaho n’ibindi vyanditseko amajambo yiyamiriza umukuru w’igihugu c’u Rwanda bita umunyagitugu, umwicanyi n’umubeshi.
Bavuga ko u Bufaransa butari bukwiye gutumira umuntu bavuga ko atubaha demokrasi kandi ngo ntatange umwidegemvyo mu gihugu.
Bamwe muri bo kandi banibaza ukuntu ubucamanza bw’Ubufaransa bwaba hari abayobozi b’u Rwanda bukeka kwica Abafaransa bari batwaye indege ya Habyarimana, ariko bwana Kagama akakirwa nk’umwami muri ico gihugu.
Emmanuel Macron ashigikiye Mushikiwabo
Ivyo bimeze gutyo mu gihe Ubufaransa bwo bubona ari ngombwa ko imigenderanire y’ibihugu itezwa imbere.
Prezita w’Ubufaransa, Emmamuel Macron, yanavuze ko ashigikiye ubukandinda bw’umushikiranganji w’ububanyi n’amahanga w’u Rwanda, Louise Mushikiwabo, mu mwanya w’umukuru w’ishirahamwe ry’ibihugu bikoresha ururimi rw’igifaransa.
Prezida Paul Kagame ari mu rugendo mu Bufaransa, rukaba ari urwa mbere ahagize kuva mu 2011, bitewe n’uko umubano hagati y’ibihugu wagiye uzamwo ugutosekara, ahanini bifatiye kuri jenoside yo mu Rwanda muri 1994.