Reta y’uburundi ntiyemera impungenge zashikirijwe ku matora y’ibwirizwa nshingiro

Reta y’Uburundi imenyesha ko ivyashikirijwe na Reta ya Amerika,abasenyeri ba katorika bo mu Burundi,ubumwe bwa Buraya hamwe n’urwandiko Mahamatt Faki yarungikiye Yoweri Kaguta Museveni kubijanye n’impungenge bari bafise mu matora aheruka y’ibwirizwa nshingiro ata shingiro vyari bifise, ariko vyari bishingiye ku nyungu za bamwe.

Mw’itangazo ryateweko umukono n’umuvigizi wa Reta y’Uburundi akaba n’umunyamabanga mukuru wayo Firipo NZOBONARIBA, amenyesha ko amatangazo yagiye arasohorwa, babona ko yahamagira abakora ibikorwa vy’iterabwoba kugira babibe urwanko mu Barundi bituma bagaba igitero mu Ruhagarika cahitanye ubuzima bw’abanyagihugu atacobazira imbere yuko amatora aba.

Philippe Nzobonariba amenyesha ko ayo majambo yashikirijwe yatumye abanyeporitike bamwe bayitwaza kugira bace inkokora abarundi, gutyo igikorwa c’amatora y’ibwirizwa nshingiro gihagarare ndetse n’ibindi bikorwa vyo k’umugabane ntibishobore gutunganywa hano mu gihugu nk’inama ya COMESA yaritegekanijwe mu kwezi kwa Ruheshi kandi imyiteguro isa niyaheze.

Uwo munyabanga akaba n’umuvugizi wa Reta, ashikiriza ko amakungu atigeze yiyamiriza canke atera ivyatsi ubwo bwicanyi bwakozwe n’abakora ibikorwa vy’iterabwoba nkuko babikora ahandi.

Muri ryo tangazo,Reta y’Uburundi yibutsa ko ibwirizwa nshingiro mu gihugu c’Uburundi vyerekana ko igihugu gifise ubwigenge hamwe no gushira aho abanyagihugu baba bashatse.

Kubw’ivyo,Firipo NZOBONARIBA avuga ko kubona amatora yitabwe n’abanyagihugu benshi ,umugambwe uri k’ubutegetsi ,imigambwe itavugarumwe na Reta,inani z’imigambwe vyerekana ko abarundi bari biteguriye ayo matora kubwivyo amakenga yerekanywe naba canke bariya ata shingiro yarafise ariko vyaribishingiye ku nyungu za bamwe.

Reta y’Uburundi iheraheza isaba amakungu gushigikira abarundi mu nzira baheruka kwitorera, abanyagihugu nabo ikabasaba kudandanya ibikorwa vy’iterambere mu kwitegurira amatora yo mu mwaka wa 2020.