
UBUGINGO BUSHA BWO MURI KRISTO YESU
2 AB’I KORINTO 5:17_18_19.
17/Nuko rer’umuntu wese iy’ari muri KRISTO,aba ar’icaremwe gisha,ivyakera biba bihise,vyose biba bicitse bisha.
18/Arikw ivyo Vyose biva ku Mana, yatwiyujujeko kubwa KRISTO,ikaduha igikorwa co kugabura umwuzuzo,
19/Ni kwo kuvuga yukw IMANA yari muri KRISTO yiyuzuza n’abari mw isi,ntiyabaharurakw ibicumuro vyabo,kandi yatubikije ijambo ry’umwuzuzo.
ZABURI 5:3_4_5_6_7.
3_UHORAHO,Mu gitondo nzokwama nerekeza ugusenga kwanje kuri wewe,nderetse.
4_Kuk’utar’IMANA y’intambirakibi,umunyakibi ntazotinya nawe.
5_Abibona ntibazohagarara Mu nyonga zawe.wanka inkozi zikibi zose.
6_Uzohonya abanyabunyoma.UHORAHO yanka urunuka umwicanyi n’ingunge.7_Ariko jeho,ubwinshi bw’imbabazi zawe buzonyinjiza Mu mungoro yawe.Nzokwikubita hasi nsenge nkwubashe,nerekeye urusengero rwawe rwera.🙏®️ AMEN HIMBAZWA MWAMI YESU🙏®️