Umukuru w’igihugu yasohoye itegeko rigena abahanuzi babiri mu biro vy’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, kw’itegeko inomero 100/054 ryo ku wa 23 Rusama 2018.
Abo bagenywe ni umuhanuzi ajejwe ibibazo vya poritike n’ivy’imigenderanire hamwe n’umuhanuzi mu gisata co kumenyesha amakuru.
Pierre SINZOBATOHANA yagenywe mu kibanza c’umuhanuzi mu biro vy’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu ajejwe ibibazo vya poritike n’imigenderanire, Jerome NDAYIZEYE agenwa mu kibanza c’umuhanuzi mu gisata co kumenyesha amakuru.