Abakobwa n’abakenyezi b’abarundikazi 23 muri 29 bari bajanywe mu bihugu vy’abarabu bagafatirwa mu gihugu ca Kenya, bashikanywe mu Burundi ku muhingamo wo kur’uyu wa gatanu igenekerezo rya 25 Rusama 2018.
Uko ari 23 bazanywe mu modoka nini zunguruza abantu (bus) bashikira ahakorera igiporisi c’inyamiramabi, muri zone ya Jabe, iri muri komine Mukaza, mu gisagara ca Bujumbura.
Muri abo bigeme n’abagore 23, harimwo abari bafise amasakoshi, amavarizi biboneka ko hari ivyo bari bitwaje,abandi nabo bikaboneka ko barushe bivuye ku rugendo bakoze kugira bashike mu Burundi.
Pierre NKURIKIYE avugira ubushikiranganji bw’umutekano no gukinga ibiza, amenyesha ko batandatu muri abo bakobwa basigaye mu gihugu ca kenya, kugira bazokwagirize abagabo babiri bagirizwa kuba aribo bari babajanye mu bihugu vy’abarabu.
Abo bigeme n’abagore bari bafatiwe mu nzu iri aho bita i Westlands,mu gisagara ca Nairobi, kuwa gatatu igenekerezo rya 20 Ndamukiza 2018, mw’isakwa ryakozwe n’igiporisi ca Kenya cari caronse amakuru y’abo bantu boba bariko bitegurira kuja kudandazwa mu bihugu vy’abarabu, nk’uko vyanditswe n’ikinyamakuru « The Star » co mu gihugu ca Kenya.