Abashaka kwinjira muri kaminuza ya gisirikare ISCAM bakoze ikibazo

Abitegurira kwinjira mw’ishuri kaminuza rya gisirikare ISCAM, kugira babe abasirikare ku rwego rw’intwazangabo bakoze ikibazo kur’uno wa gatandatu igenekerezo rya 26 Rusama 2018. Ico kibazo cakorewe mu gisagara ca Bujumbura no ku mirwa mikuru y’intara, kuva isaha imwe y’agatondo.

Abo biyandikishije kugira binjizwe mu gisirikare ku rwego rw’intwazangabo baciye mw’ishure kaminuza rya gisirikare ISCAM bakora ibibazo vy’ibiharuro, igifaransa n’icongereza.

Abicishije ku rubuga rwiwe rwa Twitter, umuyobozi wa ISCAM, Colonel Gaspard BARATUZA ,amenyesha ko abakoreye mu gisagara ca Bujumbura ata n’umwe yacerewe, kandi abari bitezwe bose bakoze ikibazo.

Colonel Gaspard BARATUZA avuga ko abakoze ikibazo bashimye ko cakozwe mu muco, kandi ko biteguye gukorera igihugu.