Bururi : Umuntu umwe yitavye Imana, 5 barakomereka mw’isanganya ry’imodoka

Umukenyezi umwe niwe yitavye Imana, umugabo umwe n’abakenyezi bane barakomereka cane mw’isanganya ry’imodoka ryabaye inyuma y’umutaga wo kur’uyu wa gatanu igenekerezo rya 25 Rusama 2018 kw’ibarabara riva mu ntara ya Rumonge rije mu ntara ya Bururi.

Amakuru ava mu bajejwe intwaro mu ntara ya Rumonge, amenyesha ko iryo sanganya ry’imodoka yo mu bwoko bwa Prado, ryabaye nk’igihe c’isaha umunani kur’uyu wa gatanu ku rubibe intara ya Bururi ihana n’intara ya Rumonge.

Iryo sanganya ryabereye mu gace kitwa Kibira, ku mutumba Kiganda, wa komine Bururi n’intara ya Bururi, ahazwi kw’izina rya Honga.

Ayo makuru amenyesha ko abakomeretse baciye bajanwa mu bitaro vy’intara ya Bururi.