Abantu batatu nibo bakomeretse bikomeye, inyuma y’ikintu caturikiye mu nzu y’uburiro y’abahindi, iri mu gisagara ca Toronto, mu gihugu ca Canada, kur’uyu wa gatanu, igenekerezo rya 25 Rusama 2018.
Amakuru dukesha iradiyo y’abongereza BBC, yemejwe kandi n’abajejwe umutekano mu gisagara ca Toronto, amenyesha ko abo bantu baciye bajanwa mu bitaro.
Ayo makuru nyene, amenyesha ko abo bantu binjiye mu buriro bwa Bombay Bhel imbere gatoyi yuko ico kintu giturika, baca barahunga bari mu muduga.
Umukuru w’igiporisi mu gisagara ca Toronto, yavuze ko bitaramenyekana neza nimba ico gitero mu karere ka Mississauga coba gifitanye isano n’iterabwoba canke ubugizi bwa nabi bufatiye ku rwanko.