Sentare nkuru y’igihugu y’intara ya Rumonge yaciriye imyaka 15 y’umunyororo mu rubanza rw’ikibiriraho umuporisi Charles BIZINDAVYI yashatse gufata ku nguvu umwigeme w’umupfungwa.
Amakuru dukesha umuvigizi wa sentare Ntahinyuzwa, Agnes BANGIRICENGE,amenyeshako Charles BIZINDAVYI yarashe mu nda uwo mwigeme inyuma yaho agerageje kumufata ku nguvu akamwankira.
Uwo mwigeme yarapfungiwe mu gasho k’i Magara muri komine ya Bugarama mu ntara ya Rumonge, akaba yaciye ajanwa kuvurirwa mu bitaro vy’abaganga batagira imbibe bakorera mu bitaro vyo mu Kabezi.