Yesu ashimwe cane. SHALOM!
IVYAHISHURIWE YOHANA 22:6-7 Arambarira, at’ayo majambo n’ayo kwizerwa n’ay’ukuri, kand’umwami ,ni yo Mana igera impwemu z’abavugishwa nayo, yatumye umumalayika wiwe kwereka abagurano biwe ibigira bibeho vuba. Kand’ehe ndaza vuba. Hahirwa uwitondera amajambo
yavugishijwe yo mur’iki gitabo.
Amajambo y’Imana twama turiko turayabwirwa,ariko hahirwa uwuyitondera akayashira mungiro. Ijambo ry’Imana riza rifise intumbero yokudufasha,kudukomeza,kutwibutsa,kudusuzuma,kuduhindura,… hahirwa abarigendera.
Ijambo ry’Imana ko ryama rikubwira riti niwame ufata umwanya usenge, Mbega uhora ubishira mungiro ugasenga? Ntabwo rivugira ubusa, kuko Imana irikuzanira kugira ubone umugambi w’Imana ic’ugambira kuri wewe.
Ko ryama rikubwira ngo heba icaha cose mbere n’icakunaniye guheba ngo uciyambure, uhora ubikora?
Mpwemu Yera kw’afise ivyo akubuza,Uhora umwumvira?
Iri jambo rizanana intumbero y’Imana,niryakubwira ngo babarira abagucumuyeko, c’ubanza wirabe ko atamuntu woba wavuze ngo ntuzomubabarira.
Niryagusaba gukunda abandi ca wiraba ko ufise urukundo kuri Bose Atari Ku ncuti zawe gusa.
DUSENGE: Mana data habwa icubahiro ko turi bazima,ijambo ryawe rigire ico rifashije abaryumvise Bose,nanje umfashe kukwubaha nokurigendera ni mw’izina rya Yesu twizeye, Amen.