Akamo ko guhindukirira Imana gatewe urwaruka

Ndabaramukije amahoro ya Yesu mwese! Shalom!

Mbanze nsabe imbabazi abantu iyo mvuze ivy’Uburundi bitabarwa neza ariko kandi mbmenyeshe ko gukira kw’Uburundi kundaba nawe kurakuraba nk’umwe mubavukagihugu.

Uburundi haraho urabira kure ibiberayo hari n’igihe biba ngombwa ko ushikayo kugira wirabire n’amaso yawe yompi.

Haraho ivy’Uburundi bisiga ubwenge kubona tumara imyaka irenga 50 tuba mu ndyane, ubuhungiro, urwanko, amacakubiri, umubabaro, inzara, ubukene n’amagorwa y’ubwoko bwose. Ivyo ntibiva Ku Mana Data Rugiravyose ahubwo ni satani yaduteje ibibazo muburyo 2.

Uburyo bwa 1 ni ubw’impwemu.

Uburyo bwa 2 ni ubwa politike.

Reka uno musi mvuge ku buryo bwa mbere bw’impwemu:

Ijambo ry’lmana mu Ngoma ya 2 igice ca 7 umurongo wa 14 herekana ko lmana itanga ituze, amahoro, ugukira, ubuzima ku gihugu runaka bivanye n’ingendo ya ben’igihugu kubijanye no kwizera, ivyo navyo bigizwe no gusenga,kwihana, kurondera munyonga zayo, guca bugufi, gusenga ataburyarya, kwizera, gusubiza hamwe, guharira ,etc. Imana yasezeranye ko nitwakora ivyo izoduharira ivyaha vyacu kandi ikize n’igihugu cacu.

Kuko satani yamanye kera n’lmana akaba azi ljambo ryayo , akabazi n’ico lmana ivuga ku Burundi, yatumye abarundi batamenya lmana ntibamenya n’inzira zayo kugira ngo ubwiza bwayo bwururuke bube muri twebwe. Akarorero n’ukuntu Uburundi buzwi kuba igihugu kimwe gifise abakirisu benshi muri EAC ariko bano bakorisu bakamara imyaka irenga 50 bazinzwe n’amacakubiri y’amoko, intara, imigambwe, inzigo, ukudahuza, ukudadaza, ubwicanyi, ukwangazanya n’ibindi vyamwa bibi bidatiruka k’Uhoraho.

Amaraso yamenetse kuva tucikukira gushika uyu musi mugihe abarundi batarayihana, mugihe batarabona ko bagize nabi bose ariko bakishinga kwihorana, kwagirizanya no gutotezanya, umwe wese ashinga amategeko yo gukumira mugenziwe mugihe mugihe we n’abiwe bikingira ata rukundo n’abasenga basenga bisengera batitayeho bagenzi babo , batababara abandi ijuru turirimba bizotugora kuribona. Kuko ngo udaharira mugenziwe nawe ntaharirwa. None ninde atagira icaha? Ninde mubiriko biba mu gihugu ataruhara babifisemwo? Nimba atarwo ugira abavyeyi bawe bararugize ugomba no kwihana ivyaha vyabo kugira tubone amahoro.

Twese dukundane, dutahure ko lmana yaremye uwu ari mugufi canke muremure, w’izuru rifyase canke risongoye ariwe yaremye vyose. Ukuri nuko twese amaherezo iyo tuvuye kw’isi inzira ari 2 gusa. Soit tuzosangira ijuru, soit tuzosangira umuriro tutitayeho amoko yacu, amamuko yacu n’amazuru yacu.

Yohana mw’ijuru yeretswe amoko yose, indimi zose, imiryango yose. Reka nkwibutse mwenewacu nawe mushikanje ko Ku Mana nta mugiriki nta n’umuyuda abizera bose lmana muri Kristo Yesu lmana irabemera.

Ni igikorwa rero canje nawe guhinduka tumenye ico lmana itugombako twemere ubutandukane bwacu ariko twizere lmana ataburyarya. Kubwira mugenzawe ko ari umuvukanyi mu Rusengero ariko utegekanya kumugirira nabi kumugoroba ni uruhumyi rw’uburyo bw’impwemu.

Ndangize mpamagarira urwaruka kwegera lmana, muhe umwanya muto ikintu cose kikwereka ko udasa na mugenzawe, ko urya ariwe mubi wewe uri mwiza n’abiwanyu gusa abasigaye ari abansi . Tumenye lmana iyariyo nuko ikora n’ico itugombako.Umwansi dufise ni satani gusa ahasigaye turi abavukana, twaremwe n’lmana imwe, twihane, dusenge, turondere mu nyonga zayo, duhindukire mubikorwa vyacu bibi, mungendo mukubaho kwacu, dukosore abavyeyi bacu batwigishije amacakubiri, urwanko no kwihorana kuko twebwe turi Urunganwe Rushasha. Nidukora ivyo lmana izoduharira yongere ikize igihugu cacu, iduhe amahoro, itermbere no kuba abaserukizi b’izina ryayo mu mahanga .