

Urwanda rurisiguka ku ngingo yo gutanga amamiliyoni y’amadolari mu masezerano bagiranye n’umugwi wa Arsenal wo mu Bwongereza yo kugwamamaza inyuma y’aho inebaguriwe n’abantu benshi,
« Gendera Urwanda » ico candiko c’urwego rujejwe ingenzi ni co kizoba kiri ku maboko y’impuzu abakinyi bazambara mu mwaka uza, mu ntumbero yo guhamagarira ingenzi nyinshi kuja muri ico gihugu co mu karere k’ubuseruko bwa Afrika.
Ariko ivyo vyateye ikibazo, kubera ko ico gihugu, igice kinini c’amahera gikoresha ava mu mfashanyo.
Ikinyamakuru c’abongereza The Daily Mail kivuga ko ayo masezerano ari ayo imiliyoni 40 z’amadolari – akaba yababa igice c’imfashanyo Ubwongereza buha ico gihugu buri mwaka.
Nimba ayo mahera atari ico yari agenee, sinzi ivyo ari vyo. Bifashije kwerekana uko ubu butegetsi buhagaze ku bujuju, » ni ko umushingamateka w’umukonservatere, Andrew Bridgen yabwiye ico kinyamakuru.
Hagati aho, hadutse ibibazo mu nama nshingamateka y’Ubuholande.
Ariko urwego rujejwe ingenzi mu Rwanda ruravuganira ayo masezerano.
Mw’itangazo rwashitse ku ruba rwarwo, ruvuga ko ari imwe mu ngingo izotuma amahera Urwanda rwinjiza aduga cane buri mwaka.
« Ico dutumbereye n’uko twoduza incuro zibiri amahera ava mu ngenzi, kuva ku miliyoni 404 y’amadolari akaja ku miliyoni 800 mu mwaka wa 2024. Uwu mugambi utoroshe gushikako ushoboka gusa mu gihe hamamajwe Urwanda nk’igihugu kijamwo ingenzi mu buryo bwa none.
« Amasezerano na Arsenal n’imwe mu nzira urwanda rwahisemwo kugira ku mutima no mu vyiyumviro abantu bakunde kugendera Urwanda, amahera avuyemwo akaba ari yo akoreshwa mu kwamamaza, » ni ko abategetsi bavuga.
A reblogué ceci sur Peuples Observateurs Avant Garde Togolaise et Africaine.
J’aimeAimé par 1 personne