Umunyamerika Jeff Bezos, niwe aza mu kibanza ca mbere kw’isi, mu bantu batunze kurusha abandi. Uwo akurikirwa n’abandi babiri nyene bava mu gihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika, harumwo uwamaze igihe kinini ari muri ico kibanza.
Mu kibanza ca kabiri n’ica gatatu haza haza abandi banyamerika babiri, aribo Bill Gates, yabaye mu kibanza ca mbere imyaka itari mike, hamwe na Warren Buffet nawe nyene ava muri Amerika.
Jeff Bazos afise imiriyaridi 133 z’amadorare y’abanyamerika,Bill Gates nawe agafita amadorare imiriyaridi 93 mu gihe Warren Buffet afise amadorare imiriyaridi 84.
Abandi batunzi rurangiranwa kw’isi 7 uko bakwirikirana ni Bernard Arnault,Mark Zuckerberg,Amancio Ortega,Carlos Slim Helu ,Charles Koch,David Koch hamwe na Larry Ellison aza mu kibanza ca 10.