Reta y’Uburundi yatanguje kur’uno wa mbere igenekerezo rya 28 Rusama 2018, igikorwa co gutanga impapuro z’inzira “passports” zigiye gukoreshwa mu bihugu bigize umuryango wa Afirika y’Ubuseruko.
Umushkiranganji w’umutekano hamwe no kugwanya ibiza Alain Guillaume BUNYONI yamenyesheje ko ico gikorwa gitangujwe k’umugaragaro kandi kigiye kubandanya.
Zimwe murii zo mpapuro z’inzira hariho iy’’abantu bakuze izoba ifise impapuro 52 ikazomara imyaka 10 mu gihe urupapuro rw’inzira rw’abakiri bato ruzoba rufise impapuro 32 rukazomara imyaka 5.
Impapuro z’inzira zari zisanzwe zikoreshwa zikaba zizobandanya zikora gushika mu mwaka wa 2020.