Ishirwaho rya komine Buhayira ku rutonde rw’ivyigwa mu nama nshikiranganji

Umukuru w’igihugu yagirishije inama nshikiranganji kur’uyu wa kabiri igenekerezo rya 29 Rusama 2018. Mu biri ku rutonde rw’ivyigwa, harimwo ishirwaho ry’ikomine ya Buhayira, y’intara ya Cibitoke.

Muri iyo nama nshikiranganji ya kabiri umukuru w’igihugu agirishije ari kumwe na Reta Nshasha, hategekanijwe kwiga kandi, integuro y’itegeko ritunganya gushasha imbibe za komine Murwi, mu ntara ya Cibitoke, iyo nayo ikaba yashikirijwe n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu.

Ibindi vyigwa muri iyo nama nshikiranganji, ni integuro y’itegeko ry’umukuru w’igihugu rishiraho umurwi w’igihugu ugenzura umugambi wo gutera ibiri wiswe, ‘’Ewe Burundi urambaye.’’

Ikindi cashikirijwe n’umushikiranganji w’ibidukikije, uburimyi n’ubworozi, ni integuro y’itegeko rigenga imfashanyo y’ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe iterambere IDA, amasezerano yateweko umukono kw’igenekerezo rya 24 Rusama 2018.

Abashikiranganji bariga kandi utuntu n’utundi.