Bujumbura : Abafise ibibanza vyo kwubakamwo bahawe ukwezi kwo kuvyubaka

Ubuyobozi bukuru bujejwe gutunganya ibisagara n’uburaro, bumenyesha ko abantu baronkejwe ibibanza vyo kwubakamwo mu gisagara ca Bujumbura bahawe ukwezi kumwe kugira ivyo bibanza bibe vyubatswe.

Mw’itangazo ryo kugabisha umuyobozi mukuru ajejwe gutunganya ibisagara n’uburaro yasohoye kw’igenekerezo rya 29 Rusama, Emmerence NTAHONKURIYE, amenyesha ko muri ico kiringo c’ukwezi kumwe abafise ivyo bibanza bategerezwa kuvyubaka kandi bakavyubaka bakwirikijwe amategeko agenga ibisagara.

Emmerence NTAHONKURIYE avuga ko ico kiringo kirenganye uwufise ikibanza ataracubaka azoca acakwa burundu.