Sentare ijejwe kwubahiza ibwirizwa nshingiro yemeje ivyavuye mu matora y’ibwirizwa nshingiro

Sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa nshingiro yemeje ivyavuye mu matora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro yabaye kuwa kane, igenekerezo rya 17 Rusama 2018.

Umukuru wa Sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa nshingiro, Charles NDAGIJIMANA , avuga ko, sentare imaze guca hirya no hino ivyashikirijwe n’umurwi utegura amatora CENI, basanze amatora yabaye hisunzwe amategeko.

Charles NDAGIJIMANA yavuze ko, ku bantu bitavye amatora yo kwemeza ibwirizwa nshingiro, Ego yatsinze ku majwi 73,24 kw’ijana, Oya ku majwi 19,23 kw’ijana, abataco babivuzeko aba amajwi 4,1 kw’ijana, ayabaye impfagusa nayo aba 3,24 kw’ijana.

Ku birego vyashikirijwe n’Urunani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi, Umukuru wa sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa nshingiro, amenyesha ko ibirego vyabo ku bijanye n’amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro, basanze bidafashe.

Umurwi utegura amatora ku rwego rw’igihugu CENI, wari watangaje ibiharuro mfatakibanza vy’ivyavuye mu matora, kuwa mbere igenekerezo rya 21 Rusama 2018.

Evariste NGAYIMPENDA, icegera c’uwurongoye Urunani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi, yari yavuze ko batazokwemera ivyavuye mu matora kuko habayemwo amakosa menshi.