Umugambwe CNDD-FDD urashima, Amizero y’Abarundi bati : ’’Ntiturabimenyeshwa’’

Mu gihe sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa nshingiro, yamenyesheje ko yemeje ivyavuye mu matora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro, mu mugambwe CNDD-FDD bavuga ko ari akanyamuneza, mu gihe mu Runani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi bavuga ko urubanza bitwayemwo batararumenyeshwa.

Umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD, Evariste NDAYISHIMIYE, avuga ko, kuba sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa nshingiro yemeje ivyavuye mu matora , ari akaryo abarundi baronse ko kwitunganiriza ivyabo, no gutsimbataza intwaro rusangi.

Evariste NDAYISHIMIYE, amenyesha ko ku bagifise ikizigizigi kuri ayo matora, bomenya icarico intwaro rusangi, bakamenya kandi ko ibwirizwa nshingiro ryemejwe ari iryo abarundi bose.

Umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD, Evariste NDAYISHIMIYE, , avuga ko kuba Urunani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi bararonse akaryo ko kujana ibirego muri Sentare, ari ikimenyetso c’uko hari intwaro rusangi, akabahanura kwemera ivyavuye mu butungane.

’’Ntituramenyeshwa urubanza’’

Ku ruhande rwabo, mu Runani Amizero y’Abarundi, umushingamateka Pierre Celestin NDIKUMANA arongoye umurwi w’abashingamateka batowe muri urwo Runani, akaba n’umwe mu bajanye ibirego, avuga ko batoshima ivyo bataramenyeshwa.

Umushingamateka Pierre Celestin NDIKUMANA, avuga ati : « Ntitwoshima ivyo tutaramenyeshwa. Ntituramenyeshwa urubanza. »

Urunani Amizero y’Abarundi rwari rwajanye ibirego muri sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa nshingiro, kuwa mbere igenekerezo rya 21 Rusama 2018, mu gihe umurwi CENI nawo wari washikirije ibiharuro mfatakibanza vy’ivyavuye mu matora, kuwa mbere igenekerezo rya 21 Rusama 2018.