Inama y’igihugu ijejwe gukinga ihonyabwoko n’ayandi mabi asinzikaza agateka ka zina muntu ONPGH, isaba abarongozi b’igihugu c’Ubufaransa kureka kwivanga mw’itunganywa ry’igihugu c’Uburundi na cane cane mu bijanye n’ubwigenge bw’igihugu nk’amatora y’ibwirizwa nshingiro.
Mw’itangazo ku bamenyeshamakuru kur’uyu wa kane igenekerezo rya 31 Rusama 2018, Jean de Dieu MUTABAZI arongoye ONPGH amenyesha ko bakiranye umubabaro ivyashikirijwe n’ubushikiranganji bw’imigenderanire y’Ubufaransa n’ayandi makungu ku bijanye n’amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro yo kuwa 17 Rusama 2018.
Muri iryo tangazo, Inama y’igihugu ijejwe gukinga ihonyabwoko n’ayandi mabi asinzikaza agateka ka zina muntu ONPGH, iriyamiriza ivyashikirijwe n’ubushikiranganji bw’imigenderanire y’Ubufaransa n’ayandi makungu, aho bwamenyesheje ko abari mu bwoko bw’abatutsi batagikingiwe mw’ibwirizwa nshingiro rishasha.
Inama y’igihugu ijejwe gukinga ihonyabwoko n’ayandi mabi asinzikaza agateka ka zina muntu ONPGH, imenyesha ko ibijanye no kunganisha ubwoko vyubahirijwe mu bisata nyamukuru vy’ubuzima bw’igihugu.
Muri uwo murwi ujejwe gukinga ihonyabwoko, bamenyesha ko mu nama nshingamateka abatutsi baserukiwe ku bice 40 kw’ijana, abahutu bagaserukirwa ku bice 60 kw’ijana, mu nama nkenguzamateka abatutsi 50 kw’ijana, abahutu 50 kw’ijana, mu nzego za Reta, abahutu ni 60 kw’ijana, n’abatutsi 40 kw’ijana, mu nzego z’umutekano no kwivuna abansi, abahutu baserukiwe ku bice 50 kw’ijana, abahutu ku bice 50 kw’ijana.
Inama y’igihugu ijejwe gukinga ihonyabwoko n’ayandi mabi asinzikaza agateka ka zina muntu ONPGH, imenyesha ahubwo, ko mw’ibwirizwa nshingiro rishasha, n’igisata c’ubutungane habayemwo ukunganisha ubwoko, kuko abahutu bazoserukirwa ku bice 60 kw’ijana, abatutsi bagaserukirwa ku bice 40 kw’ijana.
Kubera ivyo, Inama y’igihugu ijejwe gukinga ihonyabwoko n’ayandi mabi asinzikaza agateka ka zina muntu ONPGH, imenyesha ko abategetsi b’igihugu c’Ubufaransa bari bakwiye nyabuna kureka kwerekana inyifato icanishamwo, kuko bishobora gutuma abarundi bacanamwo, kandi bariko bakora ibishoboka vyose mu gutsimbataza ubumwe no gusubiza hamwe.