Umuntu umwe niwe yitavye Imana, abandi 4 barakomereka, amafaranga n’ibindi vyo mu mazu y’ubudandarizo biribwa n’abantu bitwaje ibirwanisho, ku mutumba Murama, wa komine Bugendana, mu ntara ya Gitega, mw’ijoro ryo kur’uyu wa kane igenekerezo rya 31 Rusama 2018.
Amakuru dukesha umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano no gukinga ibiza, Pierre NKURIKIYE, amenyesha ko ico gitero cabaye nk’igihe c’isaha zine n’igice z’ijoro, gikorwa n’abasuma 4 bitwaje ibirwanisho.
Pierre NKURIKIYE avugira ubushikiranganji bw’umutekano no gukinga Ibiza, avuga kandi ko abo bantu bateye ibisasu ntezwantoki bitatu, mu mihana no mu bunywero bwo kur’uwo mutumba.
Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano no gukinga Ibiza avuga ko abakoze ico gitero bariko bararonderwa.
Amakuru ava aho I Bugendana, amenyesha ko abajejwe intwaro bahazindukiye, mu gatondo ko kur’uyu wa gatanu igenekerezo rya 1 Ruheshi 2018.