Ikibazo co kunonora imitsi kizokorwa kuwa 2 Ruheshi 2018 ku bashaka kwinjira mu rwego rw’intwazangabo

Umuyobozi w’ishure kaminuza rya gisikare ISCAM amenyesha ko, abiyandikishije kugira binjire muri iryo shure, bazokora ikibazo co kwinonora imitsi kur’uno wa gatandatu, igenekerezo rya 2 Ruheshi 2018. Ico kibazo kizokorwa ku mirwa mikuru y’intara kuva isaha imwe z’agatondo.

Abicishije ku rubuga rwiwe rwa Twitter, umuyobozi wa ISCAM, Col Gaspard BARATUZA, yanditse amenyesha ko, kubo mu gisagara ca Bujumbura, ico kibazo kizokorerwa mu kigo ca ESCEM ahahoze ikambi y’abapara.

Col Gaspard BARATUZA, amenyesha ko kazoba n’akaryo ko kubereka amanota baronse mu kibazo c’ubwenge, bace baboneraho n’akaryo ko kubaza aho bafise akangonongono ku matota bazoba baronse.

Col Gaspard BARATUZA, avuga ko, ku bari mu gisagara ca Bujumbura, batazi ahazokorerwa ikibazo, bashobora gutumbera ikigo ca ISCAM hazoba hariho abajejwe kubereka aho batumbera.

Ikibazo c’ubwenge cari cakozwe kuwa gatandatu igenekerezo rya 26 Ruheshi 2018, mu ntara zose z’igihugu.