Bamwe mu barongozi b’imigambwe barashima iyemezwa ry’ivyavuye mu matora na sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa shingiro abandi nabo bakamenyesha ko ata gitangaje kirimwo ivyashikirijwe arivyo vyari vyitezwe.
Umukuru w’umugambwe APDR ,Gabriel BANZAWITONDE, amenyesha ko bakiriye neza iryo yemezwa ry’ivyavuye mu matora y’ibwirizwa shingiro na sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa nshingiro kandi agasaba ko ryoca rishirwa mu ngiro.
Naho kubitwaye bavuga ko batemera ivyavuye mu matora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro kuko yaranzwe n’utunenge ,Gabriel BANZAWITONDE yavuze ati : “Ivyo ni ibisanzwe mu ntwaro rusangi,ubwa mbere ho ni uburenganzira bwabo,tubahanura kwemera aho intahe ishize kandi Bizere ubutungane. ”
Kubw’icegera c’umukuru w’umugambwe SAHWANYA FRODEBU, Leonce NGENDAKUMANA, amenyesha ko ata kintu kibatangaza kiriho kubona sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa nshingiro yaremeje ivyavuye mu matora aheruka,kuko arivyo vyategerezwa gukorwa.
Leonce NGENDAKUMANA yavuze ko ata gishasha kiriho, ku bwabo ahubwo bagiye kubandanya bakora kugira amasezerano y’i Arusha abandanye yubahirizwa.