GUFATANYA NA KRISTO NO KWIRINDA IBIHENDO VY’I SI
4/Mvuze ivyo kugira ngo ntihagire ubahendagirisha amagambo y’inyosha.
6/Nuko nk’uko mwakiriye KRISTO YESU umwami wacu,abe ariko mugendera muri we,
7/Mushinze imizi muri we,mwubakwa muri we,mushikamishijwe n’ukwizera nk’uko mwigishijwe,murushiriza gushima.
8/Mwirinde,ntihakagire ubagira inyagano,abanyagishije ubwenge bw’abantu ar’ibihendo vy’ubusa,bikurikira akaronda kimigenzo y’abantu,bikurikira ivya mbere vyo mw isi,bidakurikira KRISTO.
9/Kuko Mu riwe ariho haba ukunengesera kwose kw’UBUMANA Mu buryo bw’umubiri.
12/kuko mwahambanywe na we mwibatizwa,ni ho kandi mwazuranywe na we,kubwo kwizera ubushobozi bw’IMANA yamuzuye Mu bapfuye.
13/Kandi hamwe mwari mugipfuye mwishwe n’ibicomuro vyanyu n’ukudakebwa kw’imibiri yanyu,yabagiranye bazima n’a we,imaze kuduharira ibicumuro vyacu vyose.
AMEN HIMBAZWA MWAMI YESU