Umukuru w’igihugu ca Siriya, Bashar Al –Assad, yasavye abasirikare ba Reta Zunze Ubumwe za Amerika kumuvira mu gihugu, avuga ko ubwenge bwose bakoresha bari mu gihugu ciwe bwaheze.
Naho Reta Zunze Ubumwe za Amerika zimaze igihe zifasha imirwi irwanya Reta ya Siriya, mu kiganiro na Russia Today, Bashar Al Assad yavuze ko abanyamerika bakwiye gutaha kuko batsinzwe.
Bashar Al Assad yavuze ko ikibazo gisigaye mu gihugu ciwe ari umurwi SDF uyirwanya, uwo nawo nyene ukaba ushigikiwe kandi ugafashwa n’abasirikare ba Reta Zunze Ubumwe za Amerika.
Haraheze imyaka indwi, igihugu ca Siriya cinjiye mu ntambara, kuva ico gihe Bashar Al Assad yahanganye n’imirwi itandukanye yashaka kumukura ku butegetsi.