Umugambwe FRODEBU ntushima intambwe Uburundi bugezeko muvy’ intwaro rusangi

Umugambwe SAHWANYA FRODEBU umenyesha ko udashimishwa n’uko intwaro rusangi yifashe mu Burundi muri kino gihe. Leonce NGENDAKUMANA icegera c’umukuru w’umugambwe FRODEBU yemeza ariko ko, intango hamwe n’ibiranga iyo ntwaro rusangi bihari ikibuze ari uko bidashirwa mu ngiro.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshakuru kur’uno wa gatanu igenekerezo rya 1 Ruheshi 2018 aho bibuka imyaka 25 iheze hatsinze intwaro rusangi,icegera c’umukuru w’umugambwe SAHWANYA FRODEBU, Leonce NGENDAKUMANA amenyesha ko intwaro itubakiye ku nyungu no kubushake bw’abanyagihugu itaba ikibaye intwaro rusangi.

Muri ico kiganiro, Leonce NGENDAKUMANA yavuze ko ikibazo kiri mu gihugu atari amategeko, ariko ko ingorane ihagaze ku bajejwe kuyashira mu ngiro, kuko bashira mu ngiro ivyo biyumviriye bishakira inyungu zabo.

Leonce NGENDAKUMANA yavuze ati : “Ikibazo si amategeko, ikibazo n’abayashira mu ngiro,bashira mu ngiro ivyo biyumviriye,tudatahuye ko igihugu cubakirwa ku nyungu z’abanyagihugu n’abatwara muri rusangi ingorane zizogumaho.

Leonce NGENDAKUMANA yavuze kandi ko ino myaka 25 irangiye habaye intsinzi y’intwaro rusangi, ari akaryo ko kuraba ivyagoranye kugira barabe uko hokubakwa kazoza keza k’igihugu.

Leonce NGENDAKUMANA asaba Reta hamwe n’abatavugarumwe nayo gutahura ko inzira y’ibiganiro ariyo yonyene izotorera inyishu ibibazo vy’abanyagihugu .

Mu mugambwe FRODEBU basaba kandi ko hoshingwa ishureryigisha ibijanye n’intwaro rusangi uko iba yubatse na cane cane mu kwigisha abakiri bato kugira ibitashitsweko mu myaka iheze bishobore gushirwako n’urwo rwaruka.