Abasenga b’ukuri bazosengera Data mu mpwemu no mu kuri kuko Data arondera abamusenga bameze bartyo.

YOHANA 4 : 23 Arikw’igihe kiza, kandi kirashitse, niho abasenga b’ukuri bazosengera Data mu mpwemu no mu kuri guko Data arondera abamusenga bameze bartyo. Haleluyaaaaaa bwoko bw’Imana, Imana, iriko irarondera abayisenga batayibangikanije n’ivyaha, batayibangikanije no gusenga ibigirwamana n’amangetengete y’uburyo bwose irarondera abatayivanga n’akaboregwe n’ukudandahirwa vy’iki gihe, ehe benshi barambiwe bakarambiriza mû bitey’isoni vy’iki gihe, bakarambiriza ku bidahwe bari baradashwe, umwe wese yikebuke ngw’ehe igihe kije ngo kandi kirashitse uraraba kur’uw’ ukuri kuri mû ruhande rw’Imana urabe KO mubo iriko irondera urimwo, mbega urimwo? Dusenge : Mana Mushobora vyose Turagushimiye cane wagize neza kuturinda guko hari benshi bapfuye habwa icubahiro mw’isi no mw’Ijuru, shishikara kuturinda Data Wera urinde abacu n’ivyacu uturinde ivyo vyose vyokwikakisha imbere yacu nivyo vyose vyokwitambika imbere y’amaso yacu, dushoboze kubandanya urugendo Mana Twubake utwuzuze mw’inkomezi zivuye mw’Ijuru, ibisigaye vyose biri mû kiganza cawe, uduhe ibituma Izina ryawe rirushirizaho guhabwa Icubahiro, tubigusavye tukwizeye mw’Izina rya YESU KRISTO Umwami wacu Amen