Ntimuhagarike imitima yanyu, mwizere Imana nanje mwizere Yesu.

Yesu ashimwe cane. Shalom!

YOHANA14:1 Ntimuhagarike imitima yanyu,mwizere Imana nanje munyizere.

Uwo ni Yesu yadusavye kumwizerana na se.

Ntimuhagarike imitima,ntimuranduke imitima,ntimujijanye imitima,ntimwidodombe mu mitima.

Ni igiki kigomba gutuma usubira inyuma??

Ubukene,inzara,inyota,amadeni n’ibindi vyago, vyose Imana irabirandura,mbere bikibagirana ko vyigeze kuba Ku muntu.

Umuririmvyi yavuze ngo ntakizomutera isoni shiti(kiretse)ivyaha vyiwe.

Unomusi abantu ntibagiterwa isoni n’ivyaha,ariko ico nshima nuko abarongorwa na Mpwemu w’Uhoraho ntibanezererwa nokubako icaha.

DUSENGE: Mana uri hejuru y’amajuru wisakaye ubwiza n’icubahiro,uduharire imyenda yacu yose kandi utuzigamire mu gakiza ni mw’izina rya Yesu twizeye, Amen.