Umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD, amenyesha ko abanywanyi b’uwo mugambwe bakiriye neza ijambo umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yashikirije I Bugendana kw’igenekerezo rya 7 Ruheshi 2018, igihe yashira umukono kw’Ibwirizwa shingiro rishasha abarundi bari biyemereje icese kw’igenekerezo rya 17 Rusama uwu mwaka. Evariste NDAYISHIMIYE avuga ko ijambo umukuru w’igihugu yashikirije ari ijambo rugabo riza ryerekana ubutwari, rigashimangira akarangamutima k’umugambwe CNDD-FDD.
Mw’itangazo umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD , Evariste NDAYISHIMIYE, yashikirije kur’uyu wa kane igenekerezo rya 14 Ruheshi 2018, avuga ko ingingo umukuru w’igihugu yashikirije ko atazokwitoza mu mwaka wa 2020, ari ingingo nziza iza gusambura imigambi y’abansi b’intwaro rusangi, kandi ko umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yasimbishije akaga, kugirango ntihagire uwugira icitwazo iki canke kiriya ngo asubize Uburundi mw’ihumbi.
Muri iryo tangazo, umugambwe umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD arashima cane bimwe bivuye ku mutima intambwe uburundi bugezeko mugukomeza intwaro rusangi, ubu bukaba bwareretse amahanga ico bushoboye kuko n’ibwirizwa Nshingiro rigenga Uburundi rishira igihugu ku yindi ntambwe yo gukomeza Intwaro rusangi n’intahe yo kwikukira.
Evariste NDAYISHIMIYE avuga ko, umugambwe CNDD-FDD nkuko wamye uharanira gusubiza hamwe n’ukunywanisha abarundi, wiyemeje kubandanya ugendera ivyiza vyavyawe n’amasezerano y’I Arusha nkuko wabikoze kuva ushikiriye uburongozi bw’igihugu,wiyemeje kandi kuzokwama na ntaryo ugwanya amacakubiri aho aturuka hose, ugwanya intwaro zamuka ahandi atari mu matora, ihonyabwoko n’ikumirana.
Umugambwe CNDD-FDD utera akamo abanyepolitike bose, iyo bari hose kuza kwifatanya n’abandi mu gutunganya urupapuro rw’inzira ruzoshikana ku matora yo mu 2020, ugasaba kandi umuhuza w’abarundi ko yofasha kugirango ivyavuye mu biganiro vy’abanyepolitike biheruka kubera I Arusha bishirweko umukono vuba kugirango ntihagire igisubira gusamaza abarundi mu gihe bariko bashira mu ngiro ibwirizwa nshingiro bitoreye.