Yesu ashimwe, Shalom!
ZABURI123:1-2 Kuri wewe niho nunamurira amaso, wewe uvyagiye mw’ijuru.
Nk’ukw’amaso y’abashumba bayahanga ukuboko Kwa shebuja, kandi nk’ukw’amaso y’incoreke iyahanga ukuboko Kwa inabuja, Nikw’amaso yacu tuyahanga Uhoraho, Imana yacu, gushitsa ah’azotugirira ikigongwe.
Abantu b’Imana ni tureke kwicira inzira,Uhoraho yaduteguriye ivyiza bihebuje. Iyi zaburi irahimbaye cane kuko itubwira kutarambirwa gushitsa Imana itugiriye ikigongwe. ivyo ushaka vyose biri mukiganza c’Uhoraho. Kubw’ivyo ntampamvu nimwe yokwiganyira canke ngo wicire inzira kuko Uhoraho azogucira akandi kayira.
Mwami Mana turagushimiye kuvyiza vyose wama utugirira,none ivyaha vyacu nibitwikirwe n’amaraso ya Yesu,hama wongere uducire akandi kayira,ni mw’izina rya Yesu twizeye, Amen.