Rutana :Amazu 25 y’ubundanrizo n’ibidandazwa vyarimwo vyahiye biratokombera.

Amazu 25 adandarizwamwo hamwe n’ibidandazwa vyari birimwo nivyo vyahiye muri zone ya Gitaba mu ntara ya Rutana,inyuma y’umuriro wadutse mw’ijoro ryo kur’uyu wa gatanu igenekerezo rya 15 Ruheshi 2018.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano no gukinga ibiza, Pierre NKURIKIYE, amenyesha ko uwo mucanwa wadutse nk’igihe c’isaha zitanu z’ijoro, kur’uyu wa gatanu, igenekerezo rya 15 Ruheshi 2018.

Pierre NKURIKIYE avuga ko gushika mu gatondo ko kur’uyu wa gatandatu, icatumye uwo muriro waduka kitaramenyekana.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano no gukinga ibiza, Pierre NKURIKIYE, amenyesha ko amatohoza yamaze gutangura kugira hamenyekane icatumye uwo muriro.