Imana yumva amaborogo yabo, yibuka isezerano ryayo yasezeraniye Aburahamu na Isaka na Yakobo.

Kuvayo 2 : 24-25 Imana yumva amaborogo yabo, yibuka isezerano ryayo yasezeraniye Aburahamu na Isaka na Yakobo. Imana yitegereza Abisirayeli, ibona uko bameze. Amen muntu w’ Imana uri kumwe nanje, Imana yumve iminiho n’amaborogo yawe mw’ Izina rya YESU KRISTO, yumve ugutaka n’ugusenga kwawe mw’Izina rya YESU KRISTO, Imana yibuke isezerano ryayo yagusezeraniye, Imana ikwitegereze Ibone uko umeze mw’ Izina rya YESU KRISTO. DUSENGE: Mana Data wa Twese Uvyagiye mw’Ijuru Mana Nziza Mana Nyen’Ububasha bwose dufukamitse amavi yacu dushima Izina ryawe wagize neza kuturinda no kutuzitirira ukaba ubikunze ukatwinjiza mur’ iyi ndwi ukatwereka uyu musi Icubahiro Ninganji n’ivyawe ibihe bidashira. N’ubu shishikara kuturinda ba shari ba nzigo abagome n’abagambanyi, usangangure ivyo vyose vyokwitambika imbere y’amaso yacu usangangure ivyo vyose bibundiye ubugingo bwacu Uduhe inkomezi tubandanye kugenda no kugukorera uko ugomba, ivyo vyose vyotuma Izina ryawe rirushirizaho guhabwa Icubahiro Ubiduhere Ubuntu, ni mw’Izina rya YESU KRISTO Umucunguzi wacu Amen.