Sentare ijejwekurwanya igiturire yarasabiye gupfungwa imyaka itanu no gutanga ihadabu y’ibihumbi amajana abiri, umucamanza wo mu ntara ya Muramvya yagirijwe gutanga igiturire mu rubanza rw’ikibiriraho rwabaye kur’uyu wa gatandatu igenekerezo rya 16 Ruheshi 2018.
Uwo mucamanza wo mu ntara ya Muramvya, yagirijwe gutora amafaranga ibihumbi 100 vy’amarundi kugira azokworohereze umuburanyi mu rubanza rw’amatati y’amatongo.
Uwo mucamanza arahakana ivyo yagirizwa, akavuga ko wewe ayo mafaranga atari igiturire, ahubwo yari intererano mu rubanza bimirije mu muryango rwo kuganduka.
Yaba uwumuburanira canke uwo mucamanza, bose basaba ko uwo mucamanza arekurwa kuko ataco yagirizwa, ahubwo hahanwe uwo nyene gutanga ayo mafaranga.
Bitegekanijwe ko urwo rubanza rusomwa kw’igenekerezo rya 21 Ruheshi 2018.