Amaterefonge ngendanwa, ivyuma bikoreshwa mugushira umuyagankuba muri terefone ngendanwa, inzoga zihingurwa n’ihinguriro BRARUDI hamwe n’inzoga zitemewe n’amategeko, nivyo vyafashwe mu gikorwa co gusaka cabaye mw’ibohero rikuru rya Mpimba, i Bujumbura, kur’uyu wa gatandatu igenekerezo rya 16 Ruheshi 2018.
Amakuru dukesha igiporisi c’Uburundi, amenyesha ko terefone zirenga 10 arizo zafashwe, hafatwa kandi n’inzoga hamwe n’ibindi bikoreshabo bitemewe n’amategeko vyinjiye canke vyakorewe mw’ibohero rikuru rya Mpimba zikorerwa aho mw’ibohero rikuru rya Mpimba.
Ayo makuru nyene dukesha igiporisi c’Uburundi, amenyesha ko, muri izo nzoga zafashwe, harimwo izikozwe mw’isukari.
Igikorwa co gusaka n’igikorwa kimaze iminsi kiba mu mabohero atandukanye ari mu Burundi, hakaba hakunda gufatwa, amaterefone ngendanwa, inzoga zitemewe n’amategeko canke ibindi bikoresho bitemerewe gutungwa mw’ibohero.