Inyuma y’aho umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero NKURUNZIZA ashize umukono kw’ibwirizwa nshingiro rishasha, umugambwe CNDD-FDD usaba umuhuza w’abarundi ko yofasha kugirango ivyavuye mu biganiro vy’abanyepolitike biheruka kubera I Arusha bishirweko umukono vuba.
Mu kiganiro umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD, Evariste NDAYISHIMIYE, kuwa kane igenekerezo rya 14 Ruheshi 2018, yamenyesheje ko gushira umukono ku vyavuye mu biganiro i Arusha vyofasha kugira ntihagire igisubira gusamaza abarundi mugihe bariko bashira mu ngiro ibwirizwa nshingiro bitoreye.
Umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD yavuze kandi ko, umugambwe arongoye ushimira amashirahamwe n’ibihugu vyateye intege Uburundi mu kwitorera ibwirizwa nshingiro mu matora yabaye kuwa 17 Rusama 2018.
Umugambwe CNDD-FDD uhamagarira ababishoboye gushigikira Uburundi mu gukomeza intwaro rusangi ku neza y’ishaka ry’abarundi, ugasaba kandi abanyepolitike bose, iyo bari hose kuza kwifatanya n’abandi mu gutunganya urupapuro rw’inzira ruzoshikana ku matora yo mu 2020.