Abahoze ari abakuru b’igihugu bakuwe mu nama nkenguzamateka

Abahoze ari abakuru b’igihugu c’Uburundi ubu ntibakiri mu nama nkenguzamateka nk’uko vyahora bitegekanijwe kw’ibwirizwa nshingiro ryahahora.Ibibanza vyabo uko ari batatu bari basigaye vyakuwe mu nama nkenguzamateka.

Nk’uko biri mu mategeko mashasha agenga uko inama nkenguzamateka ikora hisunzwe ibwirizwa nshingiro rishasha, abahoze ari abakuru b’igihugu nta burenganzira bafise bwo kuba abakenguzamateka.

Abahoze ari abakuru b’igihugu c’Uburundi Pierre BUYOYA,Sylvestre NTIBANTUNGANYA hamwe na Domitien NDAYIZEYE nibo bahora ari abakenguzamateka hisunzwe ibwirizwa nshingiro ryo mu mwaka wa 2005,ubu akaba ata kibanza bafise muri iyo nama nkenguzamateka y’Uburundi hisunzwe ibwirizwa nshingiro rishasha.

Ibibanza vy’abahoze ari abakuru b’ibihugu mu nama nkenguzamateka vyari vyavuye mu masezerano yo guhagarika intambara hagati ya Reta y’Uburundi n’imirwi yahora irwana, vyatumye bishirwa no mw’ibwirizwa nshingiro ryo mu mwaka wa 2005.