Kaminuza y’Uburundi yahawe umuyobozi mushasha

Umukuru w’igihugu Pierre NKURUNZIZA yaragenye kur’uno wa mbere igenekerezo rya 18 Ruheshi umwaka wa 2018,Francois HAVYARIMANA ngo abe umuyobozi wa Kaminuza y’Uburundi.

Kubw’itegeko ry’umukuru w’igihugu inomero 100/062 ryo kuwa 18 Ruheshi 2018 ryateweko umukono n’umukuru w’igihugu Pierre NKURUNZIZA, rimenyesha ko Francois HAVYARIMANA agenywe kuba umuyobozi w’ishure Kaminuza y’Uburundi naho Melchior NANKWAHOMBA agenywe kuba umuyobozi ajejwe uburaro muri iyo kaminuza.

Hari haheze hafi amezi abiri abura umusi umwe kaminuza y’Uburundi idafise umuyobozi mukuru inyuma yaho uwahora ayirongoye Gaspard BANYANKIMBONA agenywe mu mabanga yo kuba umushikiranganji w’inyigisho za kaminuza n’ubushakashatsi.

Kaminuza y’Uburundi ikaba yahora irongowe vy’imfatakibanza n’icegera c’umuyobozi Rosalie BIKORINDAGARA.