Yesu ashimwe cane. Shalom!
ABANYEFESO 3:7 Nacitse umukozi wabwo,ukw’ingabire y’ubuntu bw’Imana iri, ubwo nahawe, nk’uk’ubushobozi bwayo bukora.
Paulo yacitse umukozi w’ubutumwa bwiza, intumbero yiwe kwari ugushikana benshi kugakiza, amenyesha Kristo abatamuzi, cane cane mubanyamahanga.
Ncuti yanje gerageza nawe ugire intumbero yokwamamaz icogitare twahawe.
Mana yacu ngwino ushoboze abantu bawe kugushingira intahe,imbabazi zawe zitwameko.Ni mw’izina rya Yesu Kristo twizeye, Amen.