INGOMA I 29 : 11 Uhoraho, ubukuru n’ ubushobozi n’ icubahiro n’ inganji n’ igitinyiro n’ ivyawe; kukw’ibiri mw’ ijuru n’ ibiri mw’ isi vyose ar’ ivyawe ; Umbwami n’ ubwawe, ewe Uhoraho, kandi ni wewe ushizwe hejuru ng’ ube usumba vyose. Alleluyaaaaaaa. DUSENGE : Turagushima Data Turagushimiye Mukunzi Mwiza Turagushimiye Mana Usumba vyose Wambaye Icubahiro n’ Ugukomera Wabikunze Gitare utweretse uyu musi hari benshi batawubonye bavyifuza hari benshi bahuye n’ingorane zitandukanye ariko tweho waturinze Watuzigamye Imbabazi zawe zatubayeho Icubahiro n’ Inganji n’ugufukamirwa birushirizeho kuba ivyawe, uyu musi bize kumenyekana ko dufise Imana Ikomeye cane Iba muri twe Igendana natwe Ikorana natwe kandi Ivugana natwe abo bose bakubaha bagashira hejuru Izina ryawe urabaraba ryiza vyose vyose biri mû kiganza cawe kandi ubiha uwugomvye natwe ibikwiririye n’ibibereye uze kubiduhera ubuntu mw’Izina rya YESU KRISTO Umucunguzi wacu Amen.