UMUTUMIRO W’AMASENGESHO YO GUSENGERA UBURUNDI N’ABARUNDI YO KUWA 20/06NA 23/06/ 2018
Bene Data mwese, bavukanyi muri Kristo, shalom! Twagira tubibutseko kur’uyu wa gatatu no kuwa gatandatu dufise amasengesho yo gusengera Uburundi n’abarundi bose nkuko Uhoraho Imana yaduhamagariye.
URUFATATIRO:
Uhoraho Imana arakunda Ihanga ryiwe, kandi ariteguye kujana n’abo yatoranije. Twitegure guhagurukana nawe muri ibi bihe vy’ikanguro twimirije.
-Igisomwa : 1samuel 17:48: “Nuko wa mufilisitiya atanguye kuza ngo ahure na Dawidi, Dawidi arabandanya atumbereye ingabo z’abafilisitiya ngw’ahure n’uwo mufilisitiya nyene.
-Indirimbo: 316(kwimbura) 108 ( Je nd’umukristo).
IVYO MPWEMU AHISHURA:
-Imana ntijana n’uruvange, abantu barivanze n’abanyavyaha, inzanko, ubucokoranyi, amoko, imigambwe, amadini n’ibindi bihumanya bituma isezerano riteba.
-Inyigisho z’ibinyoma, abishusanya n’ibikogwa vy’abihumanije vyazanywe mw’Ihanga mugabo Uhoraho agiye kwiyerekana yigishe abiwe.
IMITWARO:
1. Gushimira Uhoraho ku bikogwa vyiwe bitangaje.
2. Ubugombe bw’Imana bushike mw’ihanga ry’Imana no mugihugu.
3. Gusambuza inkomezi za satani na goliyati ngo ubushobozi bw’Imana bugaragare.
4. Imana ihe inkomezi abakozi bayo kuva k’umurongozi w’Ihanga, abamwungirije, aba pastori, abadiyakoni, abaririmvyi, abasenzi, abavugishwa n’abazera bashasha.
5. Gusengera no gushika ku bari mu bibazo bitandukanye: abari mu mabohero, abagwaye, impfuvyi, abapfakazi n’abahunze.
Tukaba turangije tubipfuriza kuroranirwa mur’ico gikorwa ciza, murakoze!
Bigiriwe i Bujumbura kuwa 19/06/2018
abisezerano.com